Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Ukuboko kwawe kw’i buryo nikwatuma ucumura, uguce ugute kure yawe, kuko vyokubera vyiza, kubura igihimba kimwe c’umubiri hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 N’ukuboko kwawe kw’i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’ umubiri wawe wose woja muri Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:30
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi.


Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’


Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.


Ukuboko kwawe nikwatuma ucumura, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaboko yompi, [


Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya.


Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura.


iryo Ivyanditswe Vyera bivugako ngo: “Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha. Ariko uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Ni co gituma, nimba ivyokurya vyotuma mwene Data akora icaha, sinzokwigera ndya inyama kugira ngo sintume atsitara akagwa.


Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.


Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ