Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:29
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.


Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!


Mwa nzoka mwe, ruvyaro rw’imvuvyi! Mwibaza ko muzokira mute urubanza rwa Gehinomu?


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Ukuboko kwawe kw’i buryo nikwatuma ucumura, uguce ugute kure yawe, kuko vyokubera vyiza, kubura igihimba kimwe c’umubiri hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.


Mbega vyomarira iki umuntu kugira ubutunzi bw’isi yose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?


Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya.


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.


Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, ngahusha impera.


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ