Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:28
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi.


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana!


Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ