Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:18
82 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”


Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kungana Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto kuruta abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta.


Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [


Ndababwire ukuri, ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.


Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Ndababwira ukuri ko ingaruka z’ivyo vyose zizoba ku bantu ba kino gihe.


Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”


Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.


Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’


Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza,


Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye.


Nuko Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze ishikanwa rinini kurusha abandi bose.


Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.


Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha.”


Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa.”


Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa.


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: “Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzobaha.”


Maze abandanya ababwira ati: “Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze hano muri kano kanya ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana buza mu bushobozi bukomeye.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.


uhereye ku ya Abeli ugashitsa ku ya Zakariya yiciwe hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro. Ndababwire ukuri, ingaruka z’ayo maraso yose zizoba ku bantu ba kino gihe.


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’”


Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho.


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Yesu aramwishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu yasize inzu, canke umugore, canke abavukanyi, canke abavyeyi, canke abana kubera Ubwami bw’Imana,


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”


Arabandanya ati: “Ndababwire ukuri, nta wuvugishwa n’Imana yemerwa iwabo.


Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yinjira adaciye mu muryango w’uruhongore rw’intama, ariko akuririra ahandi, uwo ni igisuma kandi ni umwambuzi.


Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama.


Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane.


Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.


Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.


Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.


Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.


Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”


Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, ni mutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu mukanywa n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, Aburahamu ataravuka, jewe nariho!”


ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ