Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho ivyagezwe vya Mose n’Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:17
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.


Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho.


Ivyagezwe vya Mose bivuga ko umugore nk’uwu akwiye kwicishwa amabuye. None ubivugako iki?”


bamwagiriza bati: “Uwu mugabo ariko yemeza abantu gusenga Imana mu buryo butemewe n’ivyagezwe.”


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyona, bivuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’amabwirizwa ya Mose.


Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.


None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ