Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:24
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;


Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”


Aramubwira ati: “Mwami, girira impuhwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi.


Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene.


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bakomeye cane ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira.


Abari baragiye izo ngurube baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ivyabaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni.


Aramubwira ati: “Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane.”


Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.


Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Ubwo nyene inkuru ziwe zica ziramamara mu ntara yose ya Galilaya.


Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abarwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni.


Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye.


Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Nuko basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko.


Mbega icoroshe ni uko nobwira iki kimuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’?


Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya.


Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye.


Yesu aca ava muri iyo sinagogi aja i muhira kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari arwaye kandi ashushe cane, maze abari aho binginga Yesu ngo amukize.


Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.


Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Aca ategeka wa muntu akongataye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe witahire.”


Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.


Ariko abandi bavuga bati: “Aya majambo si ay’umuntu aboshwe n’umudayimoni. Mbega umudayimoni yohumura amaso y’impumyi?”


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


Ivyo bibaye, abarwayi bose bo kuri iryo zinga baca baraza Pawulo arabasengera, barakira.


Kuko benshi barakira impwemu mbi, zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ