22 baca basiga ubwato na se baramukurikira.
22 Baca bareka ubgato na se, baramukurikira.
Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye.
Abandanije, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara,
Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.
Ubwo nyene aca arabahamagara, na bo basiga se Zebedayo n’abakozi biwe mu bwato baramukurikira.
“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.
Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.