19 Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.”
19 Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.
Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.
Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi.
Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
Yesu aramwishura ati: “Nkurikira, reka abapfuye mu buryo bw’impwemu bahambe abapfuye babo.”
Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.
Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!”
Yesu aca abarira uwundi muntu ati: “Nkurikira.” Ariko wa muntu aramwishura ati: “Mwami, ndeka mbanze ngende mpambe data.”
Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”
Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.
Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”
Namwe muremera ko ntababereye umutwaro. Ariko bamwe muri mwebwe bibaza ko ndi umunyabwenge, ko nabakuyeko inyungu mu bwenge.