Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 4:17
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’


Uhereye igihe Yohana umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bugenda bugwanigwa kandi abahizi ni bo bwabwinjiramwo.


Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.


Yesu abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose.


Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.


Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”


Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Igihe Yesu yatangura igikorwa ciwe yari amaze hafi imyaka mirongo itatu. Abantu benshi bibaza ko Yesu ari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,


Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”


aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ