Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.
Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumupfunga. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.
Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.