8 Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,
8 Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.
Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.
Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.
Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.
Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco
(kuko icamwa c’umuco ni ineza y’uburyo bwose, ukugororoka n’ukuri),
Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.