Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 28:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murābe ah’ Umwami yar’ aryamye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 28:6
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’ifi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.


Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Bazomwica, ariko ku musi ugira gatatu azozuka abe muzima.” Maze ivyo bibabaza cane abigishwa biwe.


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’


Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Ariko Petero we arahaguruka agenda yiruka aja ku mva. Ashitseyo, arunama araba mu mva, abona vya bitambara vyera gusa, aca asubira inyuma yibaza ivyabaye.


ariko ntibabona ikiziga ciwe. Baje batubwira ko abamarayika babiyeretse, bababwira ko ari muzima.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Igituma Data ankunda ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nzosubire kubwakira.


Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”


Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ