17 Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.
17 bamubonye, baramusenga, ariko bamwe barakekeranya.
Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”
Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga.
Naho bari bumvise ko Yesu ari muzima kandi ko yamwiboneye, ntibizeye ivyo ababwiye.
Maze baca baragaruka babibwira abandi, ariko na bo nyene ntibizera ivyo bababwiye.
Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.
kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.
Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho.