Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:63 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

63 bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

63 baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:63
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Bazomwica, ariko ku musi ugira gatatu azozuka abe muzima.” Maze ivyo bibabaza cane abigishwa biwe.


hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


bavuga bati: “Uwu mugabo yaravuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.”


Turagusavye rero utange itegeko ryo gucunga imva yiwe kugeza ku musi ugira gatatu. Ivyo bizotuma abigishwa biwe bataza kwiba ikiziga ciwe, hanyuma bakabwira abantu ko yazutse mu bapfuye. Bibaye uko ububeshi bwiwe bwa nyuma bwoba bubi kurusha ubwa mbere.”


Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.


na bo bazomucokora, bamucireko amate, bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko inyuma y’imisi itatu azozuka.”


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”


Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”


Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”


Abafarisayo barababaza bati: “Mushaka kuvuga ko namwe yabazimije?


Turakorera Imana abantu batwubaha canke batugaya, badutuka canke badushima. Turi imvugakuri, ariko batwita ababeshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ