Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, aca agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku bwinjiriro bwa ya mva arayugara.
Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo umuntu na rimwe.