Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:54 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

54 Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

54 Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:54
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”


Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.”


Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya ahera n’ahera cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika,


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Yesu ashitse i Kaperinawumu, umusoda mukuru mu gisoda c’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe.


Umusoda mukuru w’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?” Na we arishura ati: “Muvuze ukuri, ndi we.”


Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”


Aca akoranya bamwe mu batwara imigwi y’abasoda ijana n’abo batwara, baca banyuragirana hagati mu bantu. Abariko batera imigumuko babonye uwo mukuru w’abasoda n’ingabo ziwe, baca barahagarika gukubita Pawulo.


Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”


Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


mu buryo bw’impwemu y’ubugororotsi agaragara ari Umwana w’Imana mu kuzuka mu bapfuye ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ