52 imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.
52 imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;
Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: “Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura.”
Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
Ni co gituma bamwe muri mwebwe bagira intege nke, bakagwara kandi bamwe muri mwebwe bakaba baranapfuye.
Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, maze, nk’ivyeze ubwa mbere, aba icemeza ko abapfuye bazozuka.
Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi.
Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye muri we.
Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.