Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:51 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya ahera n’ahera cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:51
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.


Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi.


kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kabiri.


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;


Hanyuma haca haza igitambara gikinze, inyuma yaco ni ho hari ihema ryitwa “Ahera h’Ahera”


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ