Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 bat’ Ewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize: ni waba ur’ Umwana w’Imana imanure ku musaraba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:40
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu ba kino gihe babi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira.


bavuga bati: “Uwu mugabo yaravuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.”


Abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda, na bo nyene bakamucokora, bavuga bati:


“Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame. Bazokurerura mu maboko yabo kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’”


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ