Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:4
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: “None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure.”


Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”


Naho atacamwagira cari gutuma bamucira urwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha.


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Izo nyigisho ziva ku babeshi b’abiyorobetsi, bafise ubwenge bwapfuye.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ