35 Bamubamba ku musaraba, hanyuma bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo,
35 Bamaze kumubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira,
Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.
Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.
Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”
Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”
Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.
Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.