Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Bariko barasohoka igisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene; abo basoda bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Bakirenga irembo bahūra n’Umunyakurene yitwa Simoni, uyo baramufata kugira ngw amutwaze umusaraba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:32
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.


Umuntu niyagutegeka kugenda ikilometero n’amaguru umutwaje ibintu, ugende ibilometero bibiri.


Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu.


Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu.


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ