Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:19
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.


Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa,


Ariko amaze kwumva ko Arukelayosi ari we atwara intara y’i Yudaya mu gishingo ca se Herode, aca aratinya kujayo, mu nyuma amaze kuburirwa n’Imana mu ndoto, aja mu ntara y’i Galilaya,


Pilato yari azi neza ko ari ishari ryatumye bamuzanira Yesu ngo amucire urubanza.


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”


Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata).


Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho.


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.


Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza.


Abamwagiriza bashitse hano, sinatebeje urubanza, ku musi ukurikira, naciye nicara ku ntebe y’imanza, ndengutsa n’uwo mugabo.


Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo.


“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ