13 Pilato aramubwira ati: “Mbega ntiwumva ivyo bakurega?”
13 Pilato aramubaza, ati Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?
Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka, abwira Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?”
Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe.
Ariko Yesu ntiyagira ijambo na rimwe yishura, bituma uwo mutware atangara cane.
Pilato aramwishura ati: “Ubona jewe ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwawe n’abakuru b’abaherezi banyu ni bo bakunzaniye. Wagirizwa iki?”
wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.