Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”
Haheze akanya gato, abari bahagaze ngaho begera Petero bamubwira bati: “Ni ukuri na we uri umwe muri bo, kuko n’imvugo yawe, irakuranga ko uri Umunyagalilaya.”