Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:64 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

64 Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

64 Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:64
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Maze Yuda, yari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Na we urabizi.”


Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Yesu arishura ati: “Ndi we! Kandi muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje.


Ariko kuva ubu Umwana w’Umuntu agiye kwicara i buryo bw’Imana y’ububasha.”


Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?” Na we arishura ati: “Muvuze ukuri, ndi we.”


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.


Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ