Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:63 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

63 Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

63 Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:63
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka, abwira Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?”


Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe.


Ariko Yesu ntiyagira ijambo na rimwe yishura, bituma uwo mutware atangara cane.


bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”


Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura. Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: “Uri Kristo, Umwana w’imwe ihezagiwe?”


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Abayuda bari aho baramukikuza, bamubaza bati: “Uzodutomorera ryari? Nimba uri Kristo, bitubwire neza.”


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”


Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


Baramubaza bati: “None uri nde?” Yesu arabishura ati: “Ndi urya namye ndababwira ko ndi kuva mu ntango.


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ