Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:61 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

61 bavuga bati: “Uwu mugabo yaravuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

61 bat’ Uyo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:61
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka, abwira Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?”


Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”


bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”


Yuda aca aterera ayo mahera mu rusengero, arasohoka aja kwiyahura.


“Twamwumvise avuga ati: ‘Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’abantu, hanyuma mu misi itatu nubake urundi, rutubatswe n’abantu.’ ”


Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: “Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu!


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


bamwagiriza bati: “Uwu mugabo ariko yemeza abantu gusenga Imana mu buryo butemewe n’ivyagezwe.”


Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ