Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:55 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

55 Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:55
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu isinzi baza aho ari, aca arabigisha nk’uko yari asanzwe abikora.


Hanyuma, Yesu ariko arigisha mu rusengero, abaza ati: “Mbe ni kuki abigisha b’ivyanditswe bavuga ko Kristo ari umwana wa Dawidi?


Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda baho bose bagumye barondera ukuntu bomwica.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.


Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,


Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ