Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:5
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.


Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’Imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”


Barumvikana bati: “Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Yesu arababwira ati: “Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zisanzare.’


Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Maze Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro urashika, kandi kuri uwo musi bategerezwa gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika.


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Wewe nturi wa Munyegiputa yatera umugararizo mu misi iheze, agatwara mu bugaragwa abicanyi ibihumbi bine?”


Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ