Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:39
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.


Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.


ariko aje kugira ngo isi imenye ko nkunda Data kandi ko nkora nk’uko Data yantegetse. Nimuhaguruke, tugende.


Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Petero ashitse, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge.


Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba.


Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ