32 Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.”
32 Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya.
Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”
Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”
Yesu aca arababwira ati: “Ntimutinye; nimugende mubwire bene Data baje i Galilaya, aho ni ho tuzobonanira.”
Nuko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yarabarangiye.
Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya ndabarindirireyo.”
Nimugende mubibwire abigishwa biwe, na canecane Petero, ko Yesu agiye kubarindirira i Galilaya. Aho ni ho muzomusanga nk’uko yabibabwiye.”
Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho.