30 Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono.
30 Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono.
Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere,
Ndababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira gusangirira namwe mu Bwami bwa Data.”
Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,
Simoni, Simoni, umviriza! Satani yabasavye kugira ngo abagosore nk’uwugosora ingano.
Hanyuma Yesu aca ajana n’abigishwa biwe ku Musozi wa Elayono nk’uko yari asanzwe abigenza.
ariko aje kugira ngo isi imenye ko nkunda Data kandi ko nkora nk’uko Data yantegetse. Nimuhaguruke, tugende.