Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Ndababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira gusangirira namwe mu Bwami bwa Data.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ariko ndababgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa kur’ izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bgami bga Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:29
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.”


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.


Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana.”


Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye.


Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ