Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 26:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 26:24
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’


Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”


Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa?


Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.


Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ