12 Ansutseko aya mavuta kugira ngo umubiri wanje awutegurire guhambwa.
12 Igitumye ansuka ayo mavuta ku mubiri n’ukuntegurira guhambga.
Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje imbere y’igihe, kugira ngo awutegurire guhambwa.
Isabato iheze, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Salome baja kugura amavuta amota neza kugira ngo baje kuyasiga umubiri wa Yesu.
Baca basubira i muhira bategura ibimota neza n’amavuta yo gusiga ikiziga. Ariko Isabato igeze bararuhuka kugira bubahirize icagezwe.
Yesu arishura ati: “Nimureke kumugora! Ibi abikoze nk’uwuntegurira guhambwa.