5 Umukwe agitevye kuza, bose bararambirwa, batangura gusinzira.
5 Umukwe agitebaganye bose barahūnyiza, barasinzira.
Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’
Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe.
Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa.
Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’
Hanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga barasinziriye. Abaza Petero ati: “Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe?
Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro.
Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye mu rusengero umwanya munini.
Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?
Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?”
Hanyuma Yesu acira umugani abari aho, avuga ati: “Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini.
Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.
Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”
Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.
uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’