Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 25:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 25:21
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.


Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no kuri vyinshi.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.


Ariko ico twipfuza imbere ya vyose, ni ukunezereza Umwami wacu, haba mu kuguma muri uwu mubiri canke mu kuwuvamwo.


Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,


Abadiyakoni bazoba bakoze neza imirimo yabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ