12 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’
12 Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.
Mu nyuma, za nkumi z’ubwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.
Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’
Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.
Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.
Ariko uwukunda Imana we na yo iramuzi.
Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?
Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”