Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 25:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 25:1
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe.


Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe.


Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yari afise umurima w’uruzabibu, hanyuma azinduka kare aja kurondera abakozi bamukorera muri uwo murima.


“Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umusi mukuru w’ubukwe umwami yateguriye umuhungu wiwe.


Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo.


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Icumba co hejuru twari twakoraniyemwo, carimwo amatara menshi.


Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.


Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.


Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.


Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro! Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse, kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ