Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:45
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.


Batanu muri bo bari ab’ubwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge.


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare;


Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ