Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:44 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:44
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nk’uko umuravyo urabiriza i buseruko ukaboneka no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza.


Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.


Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


Namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.”


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.


Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro! Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse, kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ