Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:43
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendagenda ku mazi.


Abo bamaze guhembwa baca bidodombera nyene umurima,


Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.


Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.


Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo.


Akiri aho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro ryitereye bugiye guca, aza aho bari, agendagenda ku mazi, asa n’uwugira abarengane.


Harahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca.


Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ