42 Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.
42 Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.
Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.
Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.
Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,
Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”
Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.
Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.
Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.
“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”