35 Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
35 Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,
ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.
Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.
Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.
Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora.