Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima.”


Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi,


Hanyuma abigishwa biwe baza aho ari, baramubaza bati: “Mbega urazi ko Abafarisayo bababaye bumvise ivyo uhejeje kuvuga?”


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Hanyuma biherereye, abigishwa ba Yesu baramubaza bati: “Mbega ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”


Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere,


Kuko nk’uko umuravyo urabiriza i buseruko ukaboneka no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza.


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu.


Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira.


Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Baca baramubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”


Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe n’imisi kuko Data ari we yabishizeho mu bubasha bwiwe.


Iyo bija kuba uko, Kristo yategerezwa gupfa incuro nyinshi, kuva isi ikiremwa. Ariko noneho yaserutse rimwe rizima, mu gihe c’iherezo, kugira ngo akureho icaha akoresheje ikimazi c’urupfu rwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ