25 Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
25 Rāba ndabibabgiye bitaraba.
Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.
Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
Nihagira uwubabwira, ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke bati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere.
Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe.
Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika.
Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,