Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:24
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Burya abatumiwe ni benshi, ariko abatoranijwe ni bake.”


Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.


Kandi iyo iyo misi itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.


Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.


Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?


Yesu aramubwira ati: “Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?”


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Kandi ivyo uwantumye ashaka ni ibi: ko ntatakaza n’umwe mu bo yampaye, ariko ashaka ko nzobazura ku musi wa nyuma.


Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.


Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose.


None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.


Ni nde mubeshi? Ni umuntu wese ahakana ko Yesu ari Kristo. Uwo muntu ni antikristo, kuko ahakana Data n’Umwana.


Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ