12 Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba.
12 Maze kuk’ ubugarariji buzogwira urukundo rw’abenshi ruzotimba.
Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.
Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.
Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.
Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.
Ndazi ibikorwa vyawe. Ndazi ko udakonje kandi utabize. Ese iyo ukonja canke ukabira!