Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 23:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bafata imitwaro iremereye y’amategeko y’idini bakayikoreza abantu ariko bobo ntibanayikozako urutoke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 23:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mutanga ikigiracumi kuri vyose gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza ibikomeye vyo mu vyagezwe ari vyo ukugororoka, imbabazi, n’ukwizera. Ivyo ni vyiza, ariko mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije.


Mukwiye rero, kwiyubara mugakora ico cose bababwiye. Ariko ntimukore ivyo bakora, kuko badakora ivyo bigisha.


Yesu aramwishura ati: “Namwe bigisha b’ivyagezwe, muzobona ibara kuko muremereza abantu imitwaro iremereye, kandi ubwanyu mutanayikozako urutoke.


None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?


Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi:


Mbere n’abakebwe ntibashobora gukurikiza neza ivyagezwe vyose, ariko bagomba ko mukebwa kugira ngo bishimire ugukebwa kwanyu mu mibiri yabo.


Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,


Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ